Anda di halaman 1dari 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr

28/7/2013

IDOMI IKA YA CUMI I DWI Umwaka- C

30/13

abuze umwanya...
Umwanditsi Saint Exupery mu gitabu ciwe Le petit prince yanditse ati: Umwanya umarana nishurwe, ni wo utuma iryo shurwe rigira agaciro kuri wewe (le temps que tu passes avec la rose, cest cela qui fait que la rose est importante). Mu gihe cuburuhuko niho turonka umwanya usumbirije wo gukora ivyo twipfuza. Ariko abatari bake bavuga ngo nta mwanya bafise wukuja gusenga Imana, wukuja mu misa. Ukubura umwanya wuguhura nImana mu misa, ni wo utuma ubucuti dufitaniye nImana butituka. Abakera barayamaze bati: Agafuni kabagara ubucuti nakarenge. Ntitumenya Imana, kuko ata mwanya dufata ngo tuzirikane ubwiza bwayo. Mu buzima bwacu haraho duhagarika umutima, umwanya tukawumara twiruka, ntitubone nuko turiko turahonyanga ishurwe. Hari nabandi -nkuko mubona kuriyo sanamu ya SaintExupery- bashobora kumara umwanya utari muto batamarira ubwiza bwishurwe. Kenshi na kenshi ababura umwanya wugusenga nabatazi ubwiza bwImana. Mbere no mu migenderanire yabantu niko bimeze: abakundana nibo bagenderanira, uwo udakunda uvuga ngo nta mwanya womuronkera. Imana yoyo ishaka ngo dukunde abantu bose, ata numwe dukuyemwo. Yezu yarabiduhayeko akarorero igihe yapfira abantu bose. Papa Fransisiko arakunda gusemerera ngo Ekleziya igendere abo bose bakumiriwe kubera ubukene, indwara canke izindi ngorane. No muri bo nyene harimwo agashusho keza kurukundo rwImana. Mbe musomyi, ubwo ntihariho abantu utinya kwegera, ukumva utabangukiwe no kuja kubaramutsa? Nubangendere umurikiwe nurukundo Imana ibafitiye. Patiri Germano Arconada.

Dufate umwanya wo kuninahaza Imana kubera ubuntu bwayo.


Mu misa yasomeye mu gasengero kitiriwe Marita mweranda kwigenekerezo rya 31/5/2013, Papa Fransisiko yaratumiriye abaraho kwemera guheba umwanya ngo bawukoreshe mu kuninahaza Imana. Yavuze ati: Ni mwame mu kanyamuneza, ubuzima bwanyu bwamane akanovera, muvavanure numwivira wo mu maso (des faces d'enterrement). Abakristu benshi baroroherwa no kwidoga no kwiganyira; ariko guhaya Imana, gusasagaza akanyamuneza, kurangwa nimvugo yubaka ikaremesha, ivyo birakunda kugorana. Abakristu bijiriwe ntibashobora kugira umwidegemvyo. Baca baba abaja bukwijirwa kwabo. Inkuru nziza yurukiza ntishobora gusamirizwa nabakristu bijiriwe, bihebuye. Akanyamuneza niko gatuma umuntu ashobora kuninahaza Imana mu kuri. Twihweze akanyamuneza Bikira Mariya yari afise igihe yaja kuramutsa Elizabeti. Uwuninahaza Imana arivako, agahanga amaso Imana, akayitazira, agatangarira ubwiza nurukundo vyayo. Ugusenga sukuguma usaba Imana ivyo yoguha canke ivyo yogukorera. Umukristu aguma yizunguruka mu gisabisho ciwe, akigumira mu myitwarariko yivyo asaba, ntazigera yumva akanyamuneza ko kuninahaza Imana, ntazigera yumva akanovera kurukundo nububasha vyayo. Hari abakristu bamwe bavuga ngo Imisa irabarambira. Uwuja gusenga kugira ngo aheze ibwirizwa ararambirwa. Uwusengana akanyamuneza ntarambirwa, ahubwo arahimbarwa. Ako kanyamuneza karamuha umwidegemvyo. Mutima Mweranda we soko ryakanyamuneza, niwe atanga uwo mwidegemvyo. Bikira Mariya niwe karorero kacu mu kuninahaza Imana. Ni we yibungeze Yezu, we kanyamuneza kacu gasumba vyose. Twame tumwitura; ko yibungenze Yezu, arashobora kudusabira inema yo kwama mu mwidegemvyo wakanyamuneza, ngo twame tuninahaza Imana, kuko ariyo ikwiye kuninahazwa. Zenit.org - 31 mai 2013.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMI IKA YA 17 UMWAKA- C


IGISOMWA CA MBERE: Ama. 18, 20-32. Ibrahimu aserukira abanyasodoma ku Mana Ivyo dusoma mu gitabu cAmamuko: Abo bagabo batatu barahaguruka, baragenda, bafata inzira ija i Sodoma, Ibrahimu arabaherekeza. Umukama avuga ati: Induru yabidogera Sodoma na Gomora yakoze kwijuru; ibicumuro vyabo vyarenze ihaniro. damanutse nje kuraba ko ivyo babitwarira ari ivyukuri. i vyaba atarivyo naho nyene ndabimenye. ya bantu bava hano baja i Sodoma, Ibrahimu nawe yari agihagaze imbere yUmukama. Araheza amubaza ati: Mbega, ugomba kujaniranya intungane numubisha? Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. abo urabatikiza? Mbe uhasanze nkabo mirongo itanu, igisagara cose ntiwokigirira ikigongwe kubera bo? Eka data, ntiwogira gurtyo! Intungane ntiyorabwa nkumucumuzi: tirikabe! yenintahe kwisi yose niwe atokurikiza ubutungane? Umukama aramwishura ati: sanze abantu bintungane mirongo itanu mu bantu ba Sodoma, noca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera bo. Ibrahimu ntiyashirwa, asubizayo ati: Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama, kandi ndi ivu, ndi umunyota. Ati: Kumbure muri abo mirongo itanu harabuzemwo batanu. one hahaze batanu, woca utikiza igisagara cose kubera ico? Umukama aramwishura ati: Oya, ni nasanga mirongo ine na batanu, ndabagirira ikigongwe bose. Ibrahimu asubizayo ati: Kumbure, hari mirongo ine gusa. Umukama amwishura ati: Eka na ho nyene ntaco nobagira kubera abo beranda mirongo ine. Ibrahimu yongera ati: Mukama, ntushavure, ndacabandanya kuvuga: Kumbure hari mirongo itatu gusa? Umukama aramwishura ati: Eka, naho nosanga mirongo itatu, igisagara nokireka. Ibrahimu asubizayo ati: Mukama, urangirira ikigongwe, naho nshirukanije nkakuvugisha. Kumbure mirongo ibiri bo ntibabuze. Umukama amwishura ati: Eka na ho nyene, igisagara ntaco nokigira kubera abo beranda mirongo ibiri. ubwo nyene Ibrahimu ntiyashirwa asubizayo ati: Mukama, ntushavure, ndapfundikiye ivyo nakubaza. i wasanga nkicumi ho? Umukama amwishura ati: Kubera abo beranda cumi, igisagara sindagikoma. IGISOMWA CA KABIRI : Abakolosi 2, 12-14. Umusalaba wa Yezu Kristu sko ryubukiriro bwacu anje ndababwiye nti: imusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka; mwuguruze bazobugurira. Muvukanyi dusangiye ukwemera, ubu ni ubutumire budutumirira gusenga, butubwira agaciro kigisabisho, igisabisho cishimira uwo gishikirijwe, igisabisho cumwana yitura umuvyeyi akabigira ashimitse kandi yizigiye, igisabisho kigira akamaro. Yezu ntiyigishije gusa ingene umuntu yo-

Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi: cuti zanje: MwIbatisimu mwasangiye uruhafu na Kristu, kandi musangira nizuka, kuko mwemeye ububasha bwImana yamuzuye mu bapfuye. Mwari abapfu kubera ibicumuro vyanyu, be nuko mutaharurwa mu gihugu cIsezerano. Ariko, Imana yarabashubije bazima muri Kristu nyene, mu kuturekurira ibicumuro vyose no muguhanagura rya keti ryatwagiriza umwenda tuyifitiye kubera amabwirizwa yayo; eka yararizimanganije mu kuribamba ku Musalaba wa Kristu. INKURU NZIZA: Lk. 11, 1-13. Yezu atwigisha gusenga. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, Yezu yariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubarira ati: Mukama, twigishe gusenga, nkuko Yohani Batista yavyigishije abigishwa biwe. Yezu nawe arababarira ati: imwasenga, muravuga muti: Dawe, izina ryawe nirininahazwe, ubwami bwawe nibuze. Duhe iminsi yose ivyokurya bidukwiye; uturekurire ibicumuro vyacu, nkuko natwe turekuriye abadufitiye umwenda bose; kandi ntuturekure ngo dutsindwe ninyosha mbi. Arahava arababwira ati: Muri mwebwe, uwoba afise umugenzi, hanyuma akaja iwe mwijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itanu, kuko iwanje ndariwe numugenzi avuye ku nzira, kandi singira ico ndamuzimana. awe uwo ari mu nzu akamwishura ati: taco ungora, namaze kwugarira kandi twe nabana twamaze kuryama sinshobora kuvyuka ngo ndaguhe iyo mikate. Uwo muntu yoshishikara gukomanga, ndababwiye nti: aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umugenzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose kuko ariko aramugora. anje ndababariye nti: imusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka, nimwuguruze, bazobugururira. Kuko uwusaba arahabwa, uwurondera araronka, nawe uwuguruje arugururirwa. Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba irigi akamuha akamina? one, ko mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mwijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba? senga, yarigishije kandi ko igisabisho kivuzwe mu kwizigira kigira akamaro, kigashikana ku co umuntu yasaba. Uyu musi turumva, mu Bwuzure bwa kera, akarorero kigisabisho gishimika kandi cizigira ca Abrahamu. Uwo Abrahamu ni we twumvise ku musi wImana uheze, igihe yaha ikaze ingenzi atazi ko ahaye ikaze Imana. Ku musi wImana uheze, iyo Mana Abrahamu yahaye ikaze, yibonekeje nkuko womengo bari abantu batatu. Abo bantu batatu ni bo, uyu musi, tubona ko bari ku butumwa. Bari ku butumwa bwo kuja gukongereza Sodoma, igisagara cari cihumanishije ibintu vyi-

nshi harimwo nibigirwamana, kandi Imana yari yaramenyesheje ko ari Imana yishari itashaka ko bayibangikanya nikindi kigirwamana. Abrahamu amaze kubimenya, yaciye aja mu vyo gusabira ico gisagara, mu gisabisho kidahororokerwa, igisabisho gihozako, igisabisho cizigira. Abrahamu yitura Imana asabira ikigongwe ico gisagara cari cayovye ku Mana kigakora ibintu bishisha Imana. Ivyo bintu bishisha Imana vyari cane cane ibicumuro bijanye nubusambanyi bwabantu basangiye ibitsina, ni ukuvuga umuhungu asambana numuhungu, umukobwa agasambana numukobwa nka we. None rabe namwe ukuntu, naho hari iryo tegeko ryImana ribuza umugabo gusambana nukwubakana numugabo nka we, abantu bitwa ko bazi ubwenge buhebuje bubahuka bakashinga itegeko rirekurira abantu kwubakana kandi basangiye ibitsina. Ni akamaramaza umugani wa ba bandi. Imana yari yashavujwe nibicumuro nkivyo, yiyemeza guturira ico gisagara ngo igityorore, igikuremwo ububisha nkubwo. Abrahamu amara igihe atakambira Imana, ayitakambira kubera abantu bakeyi bari basigaye bakiri intungane muri ico gisagara. Erega Abrahamu yuzuye urukundo. Abarahamu yagiye arasaba Imana ko itotikiza igisagara kubera abantu mirongo itanu, mirongo ibiri, icumi mbere no gushika mu biherezwa biva mu mirima. Imana nta numwe wundi yasanzemwo wintungane atari Abrahamu we wenyene. Ku kibazo cose Abrahamu yashikiriza Imana ngo acureshe ubukari bwa yo, Imana yaguma imenyesha impuhwe, ikigongwe nubuntu ifitiye bantu, imenyesha cane cane ko itashaka urupfu rwumucumuzi, ishaka gukiza aho guhana. Imana yishura Abrahamu iti: Kubwintungane icumi zoba ziri muri iki gisagara, sinogiturira . Aha rero uze, mukunzi dutangarire urukundo nikigongwe vyImana, cane cane dutamarire ukwo kuntu Imana itwihanganira, idutenyenyera. Abantu ntiduhuta turabibona. Aho nyene kumbure ntituzi ko igisabisho cintungane gihumuza Imana kikatugirira akamaro kenshi cane. Hariho abantu, uyu musi biyumvira ko ata kamaro kugusenga. Ivyo bakavyiyumvira kumbure bafatiye aho ko hari abantu bakora ibibi, batasenga, barenganya, bica abandi, bihebeye ubuhumbu, ariko ugasanga bo umengo barorohewe mu buzima, nta co babuze, baratunze baratunganiwe. Ubwo turiyumvira ko kumbure hari abantu batunganye bama badusabira, nka Abrahamu, bacuresha ishavu ryImana? Uyu musi, Umukama wacu Yezu ni we adusabira ku Mana, aguma yihereza kwinkuka ikiza abantu ibicumuro. Abantu uko turi, impengamiro yacu ni igicumuro gusa. Inyifato yacu ntiyama ishimisha Imana. Hari aho Imana ishaka kuduhana, canke hari aho Imana yoshatse kutwidogera ko tutahengeshanya gucumura kubera ibibi dukora. Ibicumuro vyacu biraremereye. Abo duhahaza, abo duturubika, abo ducura bufuni na buhoro, abo turenganya, abo duhama, abo dukubagura, abo ducira imanza zidatunganye, baguma batakambira Imana, batera akamo Imana baturega; kandi Imana irumva akamo bayiteye. Twotegerejwe guhanwa bimwe vyakarorero, ariko tu-

rahiriwe twarironkeye Yezu Kristu yama atuvugira adusabira ikigongwe ku Mana, avuga ati: Bagirire ikigongwe, ntibazi ico bakora . Ivyo Yezu yigishije vyose yarabikoze. Yezu yariko arasenga, hanyuma abigishwa biwe bamubwira bati: Twigishe gusenga natwe . Yezu yaciye abigisha igisabisho ca Dawe wa twese. Aho rero atwibutsa ko Imana ari Dawe wa twese. Nta Mana yabatusti gusa iriho, nta Mana yabahutu gusa iriho, kandi nta Mana yabatwa gusa iriho. Umwumwe wese muri twebwe arishikira ku Mana. Imana nayo idukunda urukundo rumwe, kuko nta macakubiri igira mu bantu kandi ari Yo yabaremye ikabaremana agashusho kayo. Imana ntigira amacakubiri kuko yoba yiciyemwo amacakubiri yo nyene. Muvyumve rero kandi mubitegere, Imana ikunda abantu bose, ntigira nkunzi, iraba gusa uwuyikunda kandi akayikundira. Uyu musi Yezu atwigisha igisabisho co gusaba kandi akatubwira ko ugusaba ari uguhozako, umuntu atarambirwa. Mu gisabisho ca Dawe wa twese, Yezu atwigisha gusenga dushira imbere ibintu bitatu: ko twokwemeza ko Imana ari umuvyeyi wa twese kandi natwe nyene tukabigendera; dusaba ko ubwami bwImana bwokwira hose, kuko ari ubwami bwurukundo namahoro, ubwami bwukurekuriranira nugusubiza hamwe, ubwami bwurukundo namahoro; dusaba kandi ko ishaka ryImana ryoranguka, ishaka ryImana na ryo ni uko umuntu wese yokira akarokoka, akazoshikira ubuzima nyabuzima mu Mana kuko umuntu yaremewe Imana. Mu nyuma ni ho duhava natwe tugasaba ibitwerekeye: ari vyo vyokurya, ikigongwe duhabwa nikigongwe dutanga; tugasaba ko Imana yokwama hafi yacu ngo ntidutsindwe ninyosha mbi kandi idukize ntitugwe mu kabi kadutandukanya na Yo. Ako kabi twipfuza ko Imana yodukingira ni ukwikura ku Mana, ni uguta ukwemera, ni ukwiyonkora kuri Yezu Kristu, ni ukuba tutagishonje Imana tukumva ko twikwiye tutagikeneye Imana; tugasaba ko inabi itotwizizira ngo tube nkababoshwe na yo. Igisabisho cumukristu kirafise akamaro, kandi twijukire nugusabira abandi. Imana irashima ko tuyigora, ni ko nobivuga. Ntiyinyungushura ibisabisho vyacu. Ntaho igira ngo aho bansabiye jewe birandambiye. Imana itubwira ngo tugume tuja kwuguruza iwayo, tugume tuja kugabuza iwayo, tugume tuyisaba. Ego niko, ibisabisho vyacu ntibituma Imana iba Imana kurusha, ariko ni twebwe vyegereza Imana, ni twebwe bigirira akamaro. Ni uguhozako rero. Igisabisho cintungane kiragira akamaro kanini, none twihatire natwe kuba intungane, twame dufise umutima utagira agatosi, kuko iyo dusenga dufise umutima wagagiye, ibisabisho vyacu ntibirenga uyu mutwe wacu. Dusabe rero Imana ngo iduhe Mutima wayo, we atumurikira ngo tumenye amajambo dushira mu bisabisho vyacu, akadukomezamwo umutima wumwana akunda umuvyeyi wiwe, we atwungira ubumwe ngo twiyumve ko turi twese abana bumugabo umwe, akadukomezamwo umutima wubuvukanyi nurukundo. Dawe wa twese uri mwijuru, izina nirininahazwe, ubwami bwawe bushware imitima.

Habwa ikuzo Mana ya Abrahamu, ku bwimirimo myiza wakoze. Wanyeretse kera yuko unkunda none uyu musi urabinyeretse

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
28/7 D 29/7 L 30/7 M 31/7 M 1/8 2/8 3/8 J V S
Idominika ya 17C Amam 18,20-32 Zab 137,1-8 Victori Col 2,12-14 Lk. 11,1-13 Marita 1Yo4,7-16 Zab 33,2-11 Yo 11,19-27 canke Lk10,38-42 Petero Krizologe Ihunga 33,7-28 Zab 102,6-13 Mt. 13,36-43 Ignasi wa Loyola Ihunga 34,29-35 Zab98,5-9 Mt. 13,44-46 Alfonsi-Mariya Ihunga 40,16-38 Zab 83,3-11 Mt. 13,47-53 wa Liguori i mwasenga muravuga muti : Dawe, izina ryawe ni rininahazwe, ubwami bwawe ni buze. Imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo Marita , Marita, uritwararitse, wigora muri vyinshi. Ikintu kigoye ni kimwe rudende: Mariya yatoye ikiruta ikindi, ntawuzokimukurako.
Umubivyi yibibira akabuto keza ni Umwana wumuntu ; umurima nawo ni isi ; imbuto nziza nazo ni abana bUbwami, urwamfu nabana bumubi

Ubwami bwijuru busa nitunga ryari rinyegeje mu murima; hanyuma umugabo araryitorera ararinyegeza Abamalayika bazoza basobanure ababi nabeza. Ababi batabwe mu nyenga yumuriro, baharirire baharyanishirize insya zamenyo

Ezebiyo, Yuliyano Umuhimbazwa Bikira Mariya

Amabwirizwa 23,1-37 Yamara Yezu we ababwira ati: Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa Zab 80, 3-11 Mt. 13,54-58 mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo Amabwirizwa 25,1-17 Zab.66,2-8 Mt 14,1-12 Abigishwa biwe baraza batwara ikiziga ciwe baragihamba; hanyuma baza kubikira Yezu.

gomba gushingira intahe Yezu. Bavukanyi, iyo urugamba rukamvye, Yezu mu kugutabara abanza kugukiza ubwoba, akarusha imiravyo kunyaruka. Iyo ataba we, twagira tugwe mu gisumanyenzi co mu gasumo ka Mwaro. Hari kwigenekerezo rya 4/6/2013; umuntu wincuti yarampamagaye kuri telefone ati: Ko naduze nkaba ndi i Mwaro, nkaba nshaka ko tubonana, ubona ngusanga imuhira? Nanje nti: giye muri Sentare yIntango ya Kayokwe. Nawe ambwira ati: tivyoshoboka ko urenga Gihinga namaguru naduze nzanye imodoka. Yaciye aza kuntora ari kumwe na murumunawe. Igitangaro cabaye dushitse hejuru yuruzi Kayokwe, harya nyene hari agasumo ka Mwaro, imodoka yaraduhindutse itambatamba ija iburyo nibubamfu, tugasimbasimba twicaye; nubu mu rwicariro sinikoma, mu mavi no mu bitugu nuko nyene. Ico naherutse kwibuka nuko nataritse amaboko, ngasemerera nijwi rirenga ata bwoba mfise nti: YEZU!! Nta kindi cakurikiye atari inyishu ya Yezu Kristu. Imodoka yaciye iseka inkombe yibarabara, iyo nkombe iyibuza kuvumvuka cane; niho rero yaseka igiti cari ngaho, tuyivamwo ihomberanye ariko ataco tubaye. Bamaze gusubiza imodoka mwibarabara, nagiye mbona amarori yanje ninkofero nari nambaye biri iruhande yaho ipine yaciye kandi ata na kimwe vyabaye. Ntimugire ngo nari ncibuka ko nari ndavyambaye, navyibutse ndabibonye. Ikindi nuko ntazi iyo vyaciye ngo bive mu modoka bije hasi kandi nari nugaye ikiyo cimodoka kubera ivumbi. Narashingiye intahe Yezu imbere yabari baje gutabara nti: iyo Yezu atanyaruka kaba katubanye; vyari kugora gusobanura ibivunji vyimodoka nivyacu, twebwe batatu bo mu muryango wanje. Narazerewe no kwishura abari ngaho bambajije bati: Wibutse gutarika ibiganza uvuga Yezu? Nti: neza cane, ata nubwoba mfise. Imisi yose mbonye ibigoye ngira nti: Yezu Mukiza, dukize Mukiza. Hariho nutundi tujambo tumfasha kwegera umushaha wa Yezu, natwigishijwe nababikira bihebeye umushaha wa Yezu. Ndifuza cane ko inyigisho zuwo muryango wumushaha wa Yezu zoshika muri ino paruwasi ya Mwaro Ico nohanura abakristu bose basoma Kwisoko zikunganira niyindi migwi yubutumwa ihasanzwe. Abo baryubuzima : ntu niho nabona bihweza ishapure nambaye, bakaraba inkuru - tuvuge ngo nzotungwa nimisa ninyigissho vyo ndabatera, bakaraba imodoka ingene yabaye bati: one ubwo kuwImana vyonyene; raba nyabuna umuhari wari muri iyo modoka? Ko ata bwoba? Abandi bati: Imana canke umugwi wubutumwa winjiramwo. yakoze ibikomeye. Umwe murabo twari kumwe nawe ati: -Kunda kwambaza Mikaeli mweranda umumalayika mukuru akuvune mu ntambara nico gituma ntazigera nsiga iyi Bibliya mubona mfashe uru-Ambaza ikigongwe cImana, wishikane ku mushagendo. Twaciye dusezera abari ngaho, imodoka itujana muri ha wa Yezu nuwa Bikira Mariya Sentare. Naraburanye ntekanye, nurubanza rwaciye ruja mu mwiherero sinacerewe. Mu nyuma twaratashe i muhira, inyuma yinzimano turasezerana nabasubira i Bujumbura, kandi baratubwiye ko bashitse neza. Imana nininanahzwe. Biregeya Martin, Paruwasi Mwaro. Biratunganye cane cane kwigumira mu bugamburutsi, kugabwa nUmukuru nukureka kwigakwigaba. Igitera itekane ryinshi ni ukuguma utegekwa, kuruta ukuba mu butegetsi. Benshi baribarigumira mu bugamburutsi babitumwe cane cane nagahato, ntibabitumwe nurukundo; benabo bamana amaganya, bagakunda bagakunda kwidoga kandi ntibazoshikira umwidegemvyo wumutima, batagandukiye Imana numutima wabo wose. Shaka ukimaze amaguru, nta mutekano uzobona atari mu kwicisha bugufi. DUCISHEMWO DUTWE GE: Hari umugore yitwa mama arapfuye! Wa mwana ariruka, agenda ararira, Goreti yabonye umugabo wiwe yama mu kabare, agaatera induru gushika aho se wiwe ariko aranywera. taha atevye. Umunsi umwe arondera amayeri yo Amubwira ati: Papa, nyaruka urabe mama yaguhenda umugabo wiwe ngo ntatebe mu kabare pfuye! Wa mugabo abona haracasigaye amacupa abiri ataranywa, yibuka kandi ko hari inyama yakuko yashaka ko basangira inyama zumusi mukutumyeko. Niko kubwira wa mwana ati: Mwana urakoze ru wa Pasika. Ahengera ahishije, aca yitura hasi amera kubimenyesha! Genda rero wegeranye bene wanyu, nkuwapfuye, aca atuma umwana wiwe mukuru ati: muje iruhande ya nyoko, mube murarira, ndaje. Iruka ku kabare, ubwire so wawe uti: yaruka urabe

Anda mungkin juga menyukai